• Sonuç bulunamadı

Klamidiya, ibimenyeshejwe umurwayi (2016-10-21) Urupapuro rw’abaga

N/A
N/A
Protected

Academic year: 2021

Share "Klamidiya, ibimenyeshejwe umurwayi (2016-10-21) Urupapuro rw’abaga"

Copied!
3
0
0

Yükleniyor.... (view fulltext now)

Tam metin

(1)

Klamydia, patientinformation 2016-10-21– översättning till kirundi

Klamidiya, ibimenyeshejwe umurwayi (2016-10-21)

Urupapuro rw’abaganga bajejwe gukingira abantu kwandukirwa Kuber’iki waronse izi nsiguro?

Waranduye canke wariketswe kuba wanduye klamidiya. Uru rupapuro rurimwo insiguro zijanye n’ingwara ya klamidiya, ingene ivugwa n’ico wewe ukwiye gukora.

Klamidiya ni iki?

Klamidiya ni ingwara iterwa n’akagera gakunda kuba mu ruziri rutemba mu karingoti gatwara amasobe, imbere mu gihimba c’irondoka c’abapfasoni, hamwe no ku mpera y’amara. Rimwe na rimwe irashobora no kuba mu muhogo. Umuntu arashobora kugendana klamidiya

umwanya muremure, mbere hagahera n’imyaka myinshi atarabimenya ko ayifise.

Umuntu yandura klamidiya gute?

Klamidiya yandukira cane cane mu buryo bwo guhuza ibitsina ata gakingirizo mu bihimba vy’irondoka canke mu buryo bwo hepfo (mu nyo), canke mu guhuza igihimba c’irondoka no mu kanwa. Ishobora kandi kwandukira biciye mu gusomana hamwe no kuginisha ibihimba vy’irondoka n’ibikoresho vyo gukina. Klamidiya ntiyandukira biciye mu mpuzu, mu bikoresho vyo kwihanagura amazi canke mu vyicaro vyo kwihagarika, kuko ako kagera ntigashobora kuba hanze y’umubiri. Umuntu arashobora kwandura klamidiya incuro nyinshi.

Mbega umuntu aramenya ko yanduye klamidiya?

Abanduye benshi ntibagira ibimenyetso, ni ukuvuga ko batamenya ko bafise ako kagera.

Bamwe muri bo barumva ko bababara bukebuke iyo bariko barasoba. Abagore barashobora kugira uturaso tuvanze n’uruziri canke bakababara mu gice co hepfo co mu nda. Abagabo nabo barashobora kubona hizana utuzi tujojota tuva mu karingoti ko gusoba kandi bakababara mu mavya. Umuntu yahuje ibitsina mu buryo bwo mu nyo, arashobora nahonyene kugira utuzi tujojota tuva mu mpera y’amara. N’igihe umuntu adafise ibimenyetso vy’iyo ngwara, klamidiya irandukira cane.

Mbega klamidiya irateye ubwoba?

Ata kuvugwa kubaye ku bagore, barashobora gukomereka mu bihimba bitwara amagi yo kurondoka, bishobora gutuma bibagora kuronka abana canke bigatuma umwana ari munda akurira hanze y’igitereko. Abagabo nabo barashobora kugira ingwara mu mavya yose uko ari abiri. Klamidiya irashobora no gutera ingwara y’amaso hamwe no kubabara rimwe rimwe mu ngingo.

Umuntu avura klamidiya gute?

Klamidiya ivugwa n’ibinini vy’imiti ikomeye yo mu bwoko bwa antibiotique. Ufashe ivyo binini nkuko bitegerezwa ugakwirikiza n’impanuro baguhaye, iyo ngwara irakira

ikazimangana. Umuntu avugwa kuri gusa. Utegerezwa kugaruka kwa muganga mu gihe

bakubwiye ko uzogarukirako.

(2)

Klamydia, patientinformation 2016-10-21– översättning till kirundi

Mu gihe ufise klamidiya kirazira ko hoba igituma wandukiza uwundi. Uburyo bwumvikana nuko utoryamana n’umuntu mugahuza ibitsina mu buryo ubwaribwo bwose utaraheza kuvugwa, ni ukuvuga mu minsi 10. Bishitse mugahuza ibitsina, utegerezwa kubwira uwo muntu mwabikoranye ko ufise klamidiya, kandi mutegerezwa gukoresha agakingirizo (agafuko k’abagabo canke k’abagore).

Ugukwirikirana ukwandukira - bisigura iki?

Birahambaye cane gutora abantu bagwaye klamidiya kugirango bashobore kuvugwa, ubwambere kugirango umuntu agabanye ingorane zo gukomereka mu magara (raba aho hejuru) ahandi naho kugirango iyo ngwara ntiyandukirwe na benshi. Mu gihe ufise klamidiya rero utegerezwa kubwira umuganga ajejwe kubikwirikirana abo mwaryamanye, mugahuza ibitsina mu buryo ubwaribwo bwose, cane cane guhera ku kiringo c’umwaka usubiye inyuma.

Ivyo ubwira uwujejwe ugukwirikirana kwandukira ni ibanga (biguma muri we). Abo uvuga ko boba barandukiwe ntibazomenya uwabivuze. Ico bazomenyeshwa gusa n’uko bategerezwa kuja kwipimisha.

Klamidiya irategekanijwe mw’itegeko rikingira ukwandukiza – bisigura iki?

Mw’itegeko rikingira ukwandukiza harimwo amabwirizwa y’uburyo umuntu yokwigenza kugirango ingwara ya klamidiya ihagarikwe, ku buryo itabandanya yandukira abandi. Wewe ufise canke wikekwa kuba ufise klamidiya utegerezwa gukwirikiza ayo mabwirizwa y’ukuntu wokwigenza uhawe n’umuganga wawe:

Utegerezwa kugaruka kubonana n’umuganga mu gihe yabikubwiye.

 Utegerezwa kubwira uwo muhuje ibitsina ko ufise canke wibaza ko ufise klamidiya.

 Utegerezwa gukoresha agakingirizo mu gihe uhuje ibitsina imbere y’uko uvugwa

canke upimwa.

Mu gihe waronse ibwirizwa canke itegeko ry’ingene wigenza ukabona ko ritari ryo, woshobora kuvugana n’umuganga wawe mu ntara ubamwo.

Ushaka kumenya ibindi?

Izindi nsiguro kuri klamidiya uzisanga kuri:

www.1177.se

www.folkhalsomyndigheten.se

www.umo.se (iyakiriro ku bitaro vy’abakiri bato ku buhinga ngurukanabumenyi)

(3)

Klamydia, patientinformation 2016-10-21– översättning till kirundi

Agace k’insiguro ushobora gusoma wishakiye

(frivillig informationsruta)

Warahuye (

Du har träffat

)

………..

Itariki yo gukwirikirana ukwandukiza (

Smittspårning bokad datum

)

………..

Aho uzogarukira kwa muganga (

Nästa återbesök

)

………..

Inomero ya telefone n’umwanya wo gutelefona kwa muganga (

Telefonnummer/telefontid till mottagningen)

………..

Referanslar

Benzer Belgeler

Dersin Amacı Lysias’ın Eratosthenes adlı eseri üzerinden gramer ve syntaks kurallarını pekiştirmek, çeviri tekniklerini öğrenmek. Dersin Süresi 1 yarıyıl

Haddaad qabto ama lagugu tuhunsan yahay cudurka jabtada, waxaa khasab kugu ah inaad raacdo talada dhakhtarkaaga..  Waa inaad timaaddo booqashooyinka uu dhakhtarku mar dambe

Si de todos modos tiene relaciones sexuales, debe informarle a la persona que usted tiene gonorrea y que deben utilizar protección (preservativo tradicional/femenino).. Rastreo de

Si vous voulez quand même avoir un rapport sexuel, vous devez dire à votre partenaire que vous êtes atteint de syphilis et vous devez utiliser une protection

Si de todos modos mantiene relaciones sexuales, debe informar a su pareja sexual de que usted tiene sífilis y que deben utilizar protección

؟دنک ساسحا ار عوضوم نیا دناویتم وا ایآ ،دشاب ایدیملاک لماح صخش هاگره صخش هک ینعم نیا هب دسریمن هدهاشم هب نآ زا یناشن چیه یرتکاب نیا هب هدولآ یدارفا تیرثکا دزن دشابیم

Si vous voulez quand même avoir un rapport sexuel, vous devez dire à votre partenaire que vous êtes atteint de chlamydia et vous devez utiliser une protection

 Divê tu ji wî kesî re yê ku tu seksê pê re dikî bibêjî ku klamîdya li ba te heye yan mimkin e li ba te hebe..  Heger îlaca te hêj temam nebûbe, divê tu